Accéder au contenu principal

Articles

 

Ukugaruka Kwa Yesu Kristo -Imyaka ishize Satani azorekurwa - Après les 1000 ans Satan sera libéré

 Igice ca gatandatu - sixième partie Kand' iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero ,  Twibutsanye: „Mbona  umumarayika amanuka avuye mw'ijuru ,  afise urupfunguruzo rw'i kuzimu, afise n'ikinyororo  mu minwe.   Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo mugarariji irindi ni Satani ,  akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,  agikororera i kuzimu , arahadadira, ashirako ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa aho iyo myaka igihumbi izoshirira; ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito . “ Ivyahishuriwe Yohana 20,1-3  Urutonde rw'ibizoba reteye gute? Uno munsi turi mu buzima busanzwe turindiriye ibizoba nka ba bantu bo ku gihe ca Nowa. Mu gihe kiza, kumbure kitarambiranye, Yesu Kristo azoza gutora ishengero (1 Tesalonika 4,13-17) Inyuma y'aho, Uwiyita...

Bohoka - Bucumi Elias

Ijambo ry'umunsi - Irad Ndihokubwayo

 

Les bons et les méchants - Abeza n'ababi...

  Abeza n'ababi bose bazozuka Les bons et les méchants tous réssusciteront Ncuti bakunzi, ku kibazo kijanye n'igihe c'izuka kw'abapfuye. Mbona ivyicira bitatu vy'aho abantu bazozukira. Hasigaye bibiri muri vyo: Aho Yesu Kristo yazuka habonetse abantu bazutse ico gihe mbere biyereka abantu benshi. Aho ishengero rya Yesu Kristo rizodugirizwa, abapfiriye muri Kristo nibo bazobanza kuzuka. Bazohurira mu bicu n'abera bazoba bakiriho. Abo ntibazopfa ariko bazohindurwa (1 Ab'i Korinto15,52). Inyuma y'aho (imyaka itatu n'inusu) intambara ya Haramagedoni izoca yaduka. Umwami Yesu Kristo niwe azoyitsinda maze ace ashinga ubwami bwiwe hano kw'isi ubwo nabwo buzomara imyaka igihumbi. Abera, abagororotsi bazutse bazomufasha gutwara muri ico k...

Bibiliya ivuga iki ku kwahukana? Que dit la Bible sur le divorce et le remariage?

  Bibiliya Yera ivuga yuko kizira kurongora canke kurongorwa uwo mwubakanye ubwa mbere akiriho.  Muri kino gihe ivyo kwubakana kw'abahuje ibitsina vyeze, Ivyo kurongorana ubwa kabiri vyahindutse ibisa n'uko ataco bikivuze mu mashengero y'i Buraya no mu bihugu biteye imbere. Ingo z'abavanye bagaheza bakubakana n'abandi n'ivyatsi. Iyo nyifato ija iri muzimenyerewe . Bibiliya , ariryo jambo ry'Imana, ni yo itwigisha ukuri. Atari mu gihe umuntu yapfakaye nta kurongora ubugira akabiri birekuwe. Handitse ngo: „ Kandi vyaravuzwe, ng'umuntu wese yirukana umugore wiwe n'amuhe icete co kuvavanura. Ariko jeho ndababwira yuk'umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amusambanije: kand'uwabira uwahukanya azoba asambanye . “ Matayo   5,31-32 „Yamara muravuga, ni kuki? ...N'uk' Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n'umugore wawe wo mu bucance,...

Igihe co kugaruka kwa Yesu Kristo _ Le retour du Christ - Chronologie

Igihe co kugaruka kwa Yesu Kristo hazoba ibi bikwirikira 1.Umwami wacu ubwiwe zoza, amanutse avuye mw'ijuru aranguruye ijwi rirenga hamwe n'akamo k'umumalayika mukuru n'inzamba y'Imana. Maz'abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka Maze natwe abazoba bakiriho dusigaye tuzoca duteruranwa nabo mu bicu 4.dusanganire Umwami mu kirere 5.  Umurwanizi yishira hejuru y'icitwa Imana cose canke igisengwa; azokwicara mu rusengero rw'Imana yiyerakana ngo n'Imana . 6. Nzoba nkoranije amahanga yose ngw'atere i Yerusalemu;...Uhoraho azokwisidukira arwane n'ayo mahanga ....azohagarika ibirenge ku musozi Elayono ... Kandi Uhoraho azoba Umwami aganza isi yose ...Uhoraho azomenyekana kw'ar'umwe gusa , n'izina riwe ari rimwe gusa.   » Zakariya 14 :2-9 ...Umve ngira ntume integuza yanje indoranirize inzira imbere yanje kandi Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y'isezerano munezerererwa, eh'araje, niko Uh...