Intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine  - Ico "PPR"  Ijambo ry'Amahoro no Gusubiza hamwe  ribivuzeko.  	  	  	  		  			 Bakunzi banje,  			 kuva intambara iriko irabica bigacika hagati 			y'Uburusiya na Ukraine ishengero risa n'iryisinziriye. Ubuhanuzi 			hirya no hino buracanacako duhabwa n'abakozi b'Imana basanzwe 			bamenyekana buvuga iyo ibintu bihinda bija. Nta kabi kabwo ko 			butwereka inzira yo kugaruka kwa Yesu Kristo iyo izozanana. 			Turabukeneye mu vy'ukuri. Twasanze ari nkenerwa ko „Ijambo 			ry'Amahoro no Gusubiza hamwe“ rigira ico rishikirije ku bijanye 			n'iyi ntambara kugira umwe wese amenye ingene akwiye kwitwara no 			ko kuraba ibintu nk'umwana w'Imana yizera Yesu Kristo.  			 Muhezagirwe muri Yesu Kristo  			 Uwanyu Hilaire Nininahazwe  			 Kuri twebwe twizera, birakwiye ko tumenya ko 			tutarekuriwe kwivanga mu matati na cane cane ko tutoja muvyo 			gusesa amaraso, mu kubesha canke mu gukwiza ibihuha mvuze bi...
Nous racontons ici les nouvelles du Royaume de Dieu que Jésus-Christ est venu nous enseigner. Pour tout avis ou commentaire: pprhilaire@gmail.com. Notre lien préféré: http://paroledepaix-ppr.blogspot.com Vous pouvez nous joindre sur WhatsApp sans difficulté