Accéder au contenu principal

Articles

Affichage des articles du septembre, 2022

Birihuta Tabaranya wumvirize izi video

 

Urugendo twimirije - Notre voyage imminent

  Tuvuge ku rugendo twimirije Umukristo wese azi neza yuko turi hafi yo gufata urugendo  ruhambaye cane. Umugambi nk'uwo usaba ko umuntu yitegura. Ica mbere umuntu yitwararika n'ukumenya iyo aja. Mbe tugira tuje hehe ? „ Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. I muhira kwa Data har' amazu menshi, iy' aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu .  Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje , ngw aho ndi namwe abe ari ho muba."  Yohana 14:1-3 Ariko bavukanyi, ntitugomba ko muyoberwa ivyo abasinzira itiro ry'urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.  Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, tube ari ko twizera yuko abasinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we .  Iki ni co tubabwira, ni ijambo ry'Umwami twashikirijwe, yuko twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw'Umwami wac