Tuvuge ku rugendo twimirije Umukristo wese azi neza yuko turi hafi yo gufata urugendo ruhambaye cane. Umugambi nk'uwo usaba ko umuntu yitegura. Ica mbere umuntu yitwararika n'ukumenya iyo aja. Mbe tugira tuje hehe? „ Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. I muhira kwa Data har' amazu menshi, iy' aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba." Yohana 14:1-3 Ariko bavukanyi, ntitugomba ko muyoberwa ivyo abasinzira itiro ry'urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro. Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, tube ari ko twizera yuko abasinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we. Iki ni co tubabwira, ni ijambo ry'Umwami twashikirijwe, yuko twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw'Umwami wacu, tutazokwitangira na gatoya imbere y' abasinziriye. Kuko Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw'ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n'akamo k'umumarayika mukuru, n'inzumbeti y'Imana. Maze abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirere. Ni ho tuzokwama tubana n'Umwami. „ Abo I Tesalonike Rya Mbere 4:13-17 „ Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumaramare n'ibiteterwa bitazoshira.“ Daniyeli 12:2 Mbe tuzoshika gute iyo tugira tuje? "Kuko Imana yakunze urukundo abari mw'isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w'ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. Yohana 3:16 „ Muce mw'irembo ripfunganye; kuko irembo ryagutse, n'inzira yagutse, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kandi abahaca ni benshi. Ariko irembo ripfunganye, n'inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kandi abahabona ni bake. „ Matayo 7:13-14 Ihangane ukore uko ushoboye kwose kugira ntuze uhuse inzira ija ku gakiza. None ntiduhejeje gusoma ngo „ n'inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kandi abahabona ni bake „Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima yuko Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa; kuko umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka; kandi akanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakiza. Kuko ivyanditswe bivuga, ngo uwumwizera wese ntazoterwa n'isoni. Abaroma 10:9-11 „Kuko hari Imana imwe, kandi hari Umuhuza umwe w'Imana n'abantu, na we nyene ni umuntu, ni Kristo Yesu, Timot, Rya Mbere 2:5 „ Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura umwango, ndinjira i we, dusangire. Ivyahishuriwe 3:20 Niba witeguye koko, urizeye neza yuko uri mu nzira y'ukuri? Ngo : „Uwunesha uko ni kwo azokwambikwa impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c'ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n'imbere y'abamarayika biwe. Ivyahishuriwe Yohana 3:5 Ijambo ry'Imana riratwigisha ingene dukwiye kwifata n'ingeso dukwiriye kwitandukanya nazo : „Kandi ibikorwa vy'akameremere kacu biramenyekana, n'ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyo isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubwansi, intonganya, ishari, ishavu, ikeba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n'ibindi bene ivyo. Ivyo ndabibaburiye, nk'uko nabibaburiye kera, yuko abakora ibisa bityo batazoragwa ubwami bw' Imana. Ariko ivyo Mpwemu yama ni: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, Galatiya 5:19-22
|
Parlons de notre voyage Tout chrétien est conscient que nous sommes sur le point de prendre un voyage capital. Un projet d'une telle envergure demande une préparation. De prime abord, il faut savoir exaxctement où l'on va. Où sommes- nous en train d'aller? „ Que votre coeur ne se trouble point. Croyez en Dieu, et croyez en moi. Il y a plusieurs demeures dans la maison de mon Père. Si cela n'était pas, je vous l'aurais dit. Je vais vous préparer une place. Et, lorsque je m'en serai allé, et que je vous aurai préparé une place, je reviendrai, et je vous prendrai avec moi, afin que là où je suis vous y soyez aussi.“ Jean 14,1-3 „Nous ne voulons pas, frères, que vous soyez dans l'ignorance au sujet de ceux qui dorment, afin que vous ne vous affligiez pas comme les autres qui n'ont point d'espérance. Car, si nous croyons que Jésus est mort et qu'il est ressuscité, croyons aussi que Dieu ramènera par Jésus et avec lui ceux qui sont morts. Voici, en effet, ce que nous vous déclarons d'après la parole du Seigneur: nous les vivants, restés pour l'avènement du Seigneur, nous ne devancerons pas ceux qui sont morts. Car le Seigneur lui-même, à un signal donné, à la voix d'un archange, et au son de la trompette de Dieu, descendra du ciel, et les morts en Christ ressusciteront premièrement. Ensuite, nous les vivants, qui seront restés, nous serons tous ensemble enlevés avec eux sur des nuées, à la rencontre du Seigneur dans les airs, et ainsi nous serons toujours avec le Seigneur.“ 1Thessaliniciens 4, 13-17 „ Plusieurs de ceux qui dorment dans la poussière de la terre se réveilleront, les uns pour la vie éternelle, et les autres pour l'opprobre, pour la honte éternelle. „ Daniel 12,2Comment allons-nous arriver à destination? „ Car Dieu a tant aimé le monde qu'il a donné son Fils unique, afin que quiconque croit en lui ne périsse point, mais qu'il ait la vie éternelle.“ Jean 3,16 „ Entrez par la porte étroite. Car large est la porte, spacieux est le chemin qui mènent à la perdition, et il y en a beaucoup qui entrent par là. Mais étroite est la porte, resserré le chemin qui mènent à la vie, et il y en a peu qui la trouvent.“ Matthieu 7,13-14 „Si tu confesses de ta bouche le Seigneur Jésus, et si tu crois dans ton coeur que Dieu l'a ressuscité des morts, tu seras sauvé. Car c'est en croyant du coeur qu'on parvient à la justice, et c'est en confessant de la bouche qu'on parvient au salut, selon ce que dit l'Écriture: Quiconque croit en lui ne sera point confus.“ Romains 10,9-11 „Car il y a un seul Dieu, et aussi un seul médiateur entre Dieu et les hommes, Jésus Christ homme“ 1 Timothée 2,5 „ Voici, je me tiens à la porte, et je frappe. Si quelqu'un entend ma voix et ouvre la porte, j'entrerai chez lui, je souperai avec lui, et lui avec moi. „ Apocalypse 3,20 Êtes- vous vraiment prêts sûrs d'avoir trouvé la bonne voie? Faites en sorte que vous ne ratiez pas le chemin qui vous mène au salut. N'a-t-on pas entendu que „ étroite est la porte, resserré le chemin qui mènent à la vie, et il y en a peu qui la trouvent“. Il est dit que : „Celui qui vaincra sera revêtu ainsi de vêtements blancs; je n'effacerai point son nom du livre de vie, et je confesserai son nom devant mon Père et devant ses anges.“ Apocalypse 3,5 „La Parole de Dieu nous parle des caractéristiques de ceux qui sont sur la bonne voie et ceux qui ne le sont pas. C'est le cas de ce passage : „Or, les oeuvres de la chair sont manifestes, ce sont l'impudicité, l'impureté, la dissolution, l'idolâtrie, la magie, les inimitiés, les querelles, les jalousies, les animosités, les disputes, les divisions, les sectes, l'envie, l'ivrognerie, les excès de table, et les choses semblables. Je vous dis d'avance, comme je l'ai déjà dit, que ceux qui commettent de telles choses n'hériteront point le royaume de Dieu. Mais le fruit de l'Esprit, c'est l'amour, la joie, la paix, la patience, la bonté, la bénignité, la fidélité, la douceur, la tempérance;“ Galates 5,19-22
|
Commentaires