Tuvuge 			ku rugendo twimirije  			 Umukristo 			wese azi neza yuko turi hafi yo gufata urugendo  ruhambaye cane.  			 Umugambi 			nk'uwo usaba ko umuntu yitegura. Ica mbere umuntu yitwararika 			n'ukumenya iyo aja.  			 Mbe 			tugira tuje hehe ?  			 „ Ntimuhagarike 			imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. I 			muhira kwa Data har' amazu menshi, iy' aba atariho, mba 			ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu .  			Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu,  			nzogaruka kubajana i wanje , 			ngw aho ndi namwe abe ari ho muba."  Yohana 14:1-3  			 Ariko 			bavukanyi, ntitugomba ko muyoberwa ivyo abasinzira itiro 			ry'urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.  			 Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, tube ari ko twizera 			yuko abasinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we .  			Iki ni co tubabwira, ni ijambo ry'Umwami twashikirijwe, yuko 			twebwe abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw'Umwami wac...