Bibiliya Yera ivuga yuko kizira kurongora canke kurongorwa uwo mwubakanye ubwa mbere akiriho. Muri kino gihe ivyo kwubakana kw'abahuje ibitsina vyeze, Ivyo kurongorana ubwa kabiri vyahindutse ibisa n'uko ataco bikivuze mu mashengero y'i Buraya no mu bihugu biteye imbere. Ingo z'abavanye bagaheza bakubakana n'abandi n'ivyatsi. Iyo nyifato ija iri muzimenyerewe . Bibiliya , ariryo jambo ry'Imana, ni yo itwigisha ukuri. Atari mu gihe umuntu yapfakaye nta kurongora ubugira akabiri birekuwe. Handitse ngo: „Kandi vyaravuzwe, ng'umuntu wese yirukana umugore wiwe n'amuhe icete co kuvavanura. Ariko jeho ndababwira yuk'umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amusambanije: kand'uwabira uwahukanya azoba asambanye.“ Matayo 5,31-32 „Yamara muravuga, ni kuki?...N'uk'Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n'umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, n'ah'ari umugenzi wawe akaba n'umugore w'isezerano. Nta wokoze ben'ivyo , Mpwemu akiri muri we. Umufise bimunezerera bite? Yifuza kugira uruvyaro ruzokwubaha Imana. Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire uryaruka umugore wiwe wo mu bucance. Kuko nanka ivyo kwahukana, nik'Uhoraho Imana y'Abisirayeli agize, nanka n'uwutwikira umwambaro wiwe umuryano, nik'Uhoraho nyen'ingabo agize; nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, mwoye kurayrukana!“ Malaki 2,14-16 „ Abamaze kurongorana, ndabagera, ariko si jew, n'Umwami wacu, umugore yoye kuvana n'umugabo wiwe. Arik' aramutse avanye na we, aba igisubiramuhira, canke yisubize hamwe n'umugabo wiwe. Kandi umugabo yoye guta umugore wiwe. .“1Ab'i Korinto 7,10-11 „ Nico gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n'umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe. „ Itanguriro 2, 24 „Umugore ahambirwa ku mugabo akiriho; iy'apfuye , nta kimubuza gucurwa n'uwagomba, mugabo rero, ari mu Mwami wacu. „ 1Ab'i Korinto 7,39 ./.
|
La Bible se prononce ouvertement contre la remariage aussi longtemps que le conjoint ou la conjointe serait vivant ou vivante. À l'heure du mariage pour tous pour ceux du monde, le remariage est devenu presque une banalité dans les églises chrétiennes en Occident. Les familles recomposés foisent. La société occidentale a déjà intégré le remariage dans son mode de vie. Et pourtant la Bible nous livre sa vérité. Le remariage n'est autorisé que dans le cas de veuvage. „Il a été dit: Que celui qui répudie sa femme lui donne une lettre de divorce. Mais moi, je vous dis que celui qui répudie sa femme, sauf pour cause d'infidélité, l'expose à devenir adultère, et que celui qui épouse une femme répudiée commet un adultère.“ Matthieu 5,31-32 „Et vous dites: Pourquoi?... Parce que l'Éternel a été témoin entre toi et la femme de ta jeunesse, A laquelle tu es infidèle, Bien qu'elle soit ta compagne et la femme de ton alliance. Nul n'a fait cela, avec un reste de bon sens. Un seul l'a fait, et pourquoi? Parce qu'il cherchait la postérité que Dieu lui avait promise. Prenez donc garde en votre esprit, Et qu'aucun ne soit infidèle à la femme de sa jeunesse! Car je hais la répudiation, Dit l'Éternel, le Dieu d'Israël, Et celui qui couvre de violence son vêtement, Dit l'Éternel des armées. Prenez donc garde en votre esprit, Et ne soyez pas infidèles!“ Malachie 2,14-16 „ A ceux qui sont mariés, j'ordonne, non pas moi, mais le Seigneur, que la femme ne se sépare point de son mari (si elle est séparée, qu'elle demeure sans se marier ou qu'elle se réconcilie avec son mari), et que le mari ne répudie point sa femme.“1Corinthiens 7,10-11 „C'est pourquoi l'homme quittera son père et sa mère, et s'attachera à sa femme, et ils deviendront une seule chair. „ Genese 2, 24 „Une femme est liée aussi longtemps que son mari est vivant; mais si le mari meurt, elle est libre de se marier à qui elle veut; seulement, que ce soit dans le Seigneur. „ 1Corinthiens 7,39 ./.
|
Commentaires